Ibimanga bibiri birageramiye ishure mu Gisyo

Version imprimable

Ishure ryisumbuye Lycée des Grands Lacs ( E.G.Lacs ) riri muri quartier Gisyo muri komine Kanyosha yo mu gisagara ca Bujumbura rirageramiwe bikomeye n’ibimanga bibiri kimwe cazananye inyuma ikindi i buryo bw’iryo shure.

Iryo shure risanzwe ryigisha abanyeshure barenga ijana rihakwa kuzimangana mu gihe hatofatwa vuba ingingo zo kurikingira co kimwe n’izindi nyubakwa vyegeranye.

Kimwe mu bimanga biribangamiye gishikana imetero cumi z’uburebure kimaze gutuma imiryango ita ikomoka kuko yari igeramiwe mu gihe inzu zabo zozo ziza zimaze kubomoka , aha tugatanga akarorero k’imwe yari isanzwe yegukira intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi.

Ico kimanga nyene kigeze ku metero zitarenga 50 ngo gishikire ishure E.G.Lacs. Umuyobozi afise ubwoba, eka n’abanyagihugu baba muri ako karere niko k’uko. Ubwo bwoba bufatiye kuko ivyabo biriko birononwa canke bigeramiwe n’ibimanga vyashobora guhagarikwa.

Ikinyamakuru Grandslacs.info kimaze gushika aho hantu casanze ivyo bimanga bitageramiye E.G.Lacs gusa ahubwo n’izindi nyubakwa nyinshi zirabangamiwe zaba iza leta canke iz’abigenga. Aha twovuga nk’ishure Lycée de la Convivialité risanzwe riri nko ku metero 150 gusa uvuye kuri ivyo bimanga, ibiro vya komine Kanyosha , ibarabara RN3 hamwe rero n’amazu y’uburaro bw’abanyagihugu.

Umuyobozi w’ishure E.G.Lacs Yohani Bosco Ndabazaniye avuga ati : «  Twarengewe n’ibiriko biraba. Ntaco tubona kiriko kirakorwa codutera ivyizigiro ko ivyo  bimanga bigiye guhagarara. Biteye ubwoba cane. Ntaco tutakoze  dusaba ko ababijejwe botugarukirako ariko amaso yaheze mu kirere. »
N’umunyagihugu asanzwe aba hafi y’ivyo bimanga avuga ati : « Turi intabwa. Sinzi ko abajejwe intwaro bashaka kuzokwikangura begeranya imivyimba ».

Nta myaka myinshi iheze , harigeze kuba umugambi wo kwubakira ivyo bimanga. Vyarakozwe ariko vyamaze umwanya urume rumara kuko inyuma y’igihe gito cane ahari hubatswe hose haciye hasenyuka.

Abahinga muvy’ibidukikije bavuga ko aho hantu hari hakwiye kwubakwa gushika kure y’ayo mashure nk’amaja ku kiyaya Tanganyika.

Ico mwomenya ni uko mu gihe inkukura ica muri ivyo bimanga itofatirwa ingingo za ruhasha, abanyeshure bo kuri E.G.Lacs bashobora gutahira mw’ibarabara ivyo bigashobora gutuma mbere n’umutekano uhungabana. Ikindi naco ni uko n’ababa hafi y’aho bagiye kubura uburaro n’ivyo bikazotuma umutekano uhungabana n’indwara z’ivyaduka zikisasira abanyagihugu

 

0
Your rating: Aucun