Haheruka gutorwa ibindi biziga mw’ihuriro ry’uruzi Rusizi n’ikiyaga Tanganyika

Version imprimable

Ibiziga bishika bitanu biherutse gutorwa mu Gatumba aho uruzi Rusizi ruhurira n’ikiyaga Tanganyika. Ivyo biziga vyari biboshe ndetse bimaze no kwononekara bikaboneka ko abo bantu bishwe hakoreshejwe inkoho. Abarovyi babibonye ubwa mbere bavuga ko bishoboka  ko hoba hariyo n’ibindi mu gihe abatari bake batera ivyatsi ubwo bwicanyi.
Urunani rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike ( forsc ) rumenyesha ko rutewe ubwoba n’ubwo bwicanyi busubiye kwibonekeza kandi rwari ruzi ko vyarangiranye n’umwaka uheze.

Nk’uko bivugwa na Pasifike Nininahazwe arongoye forsc, ubwo bwicanyi ngo bugirirwa cane cane abahoze ari abarwanyi , agasa n’ukebura avuga ko ata nkeka ivyo biriko bihamagarira umuvumo igihugu.
Ku bijanye n’inama mpuzamakungu y’abafasha Uburundi izobera mu Busuwisi mu mpera z’uku kwezi kwa gitugutu , uwurongoye forsc asaba ko itofatira ku biriko biraba ngo hankwe gutangwa imfashanyo mu gihe Abarundi bazikeneye kugira biteze imbere. Icipfuzo ca forsc ngo ni uko amakungu yobandanya akurikiranira hafi ibibera mu Burundi.

Umugambwe Sahwanya-Frodebu nawo nyene uratera ivyatsi ubwo bubisha ukanegura n’ico wita « agacere ka leta » n’ukudahana  kwatse indaro mu gihugu.
Eka na Cndd-Fdd, umugambwe uri ku butegetsi , iranegura yivuye inyuma ayo marorerwa ugahamagarira abantu kwubaha ubuzima bw’abandi. Urongera ugasaba ko hokorwa amatohoza ataho yegamiye maze abagiriwe n’icaha bagashengezwa imbere ya sentare.

N’umukuru w’igihugu , abicishije kuri Wili Nyamitwe icegera c’umuvugizi wiwe, aratera ivyatsi ico caha akamenyesha ko hagiye kuba amatohoza akomeye maze uwuzogaragarako icaha akazohanwa bimwe vya ruhasha.

0
Your rating: Aucun